Uwahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare muri Isirayeli, Benny Gantz kuri uyu wa gatatu yahagaritse umubonano yari kugira n’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu, ukundi gusubira inyuma mu twigoro two gushinga reta y’ubumwe.
Gantz yavuze ko ivy’ibanze vy’imbere y’uyo mubonano bitakwijwe. Ariko yavuze ko iyo nama ishobora kuzoba mu mpera z’iyi ndwi.
Umugambwe Likud wa Netanyahu washikirije ko wababajwe n’iyo ngingo ya Gantz yo gusivya ivyo biganiro, umusaba gukora kugira ntihasubire kuba ayandi matora.
Mu gihe Netanyahu yonanirwa gushinga reta nshasha, perezida wa Isirayeli Reuven Rivlin ashobora kuzosaba Gantz gushinga reta canke ashobora gusaba inama nshingamateka guhitamwo umushikiranganji mushasha.
Facebook Forum