Uko wahagera

Netanyahu na Gantz Baragwanira Ikibanza c'Umushikiranganji wa Mbere


Netanyahu na Gantz
Netanyahu na Gantz

Ibiganiro bigamije gusangira ubutegetsi hagati y’umugambwe w’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu n’uwo babangabanganywe mu majwi Benny Gantz birakomeje. Intambamyi ihari ni iy’uko umwe wese anana avuga ko ari we abwirizwa kurongora Reta ihuriyemwo na bose.

Yaba umugambwe Bleu Blanc wa Benny Gantz canke Likoud wa Benjamin Netanyahu nta n’umwe wakwije intebe 61 kuri 120 zigize inama nshingamateka zisabwa kugira umukandida yemererwe gushinga Reta. Likoud wa Netanyahu amaze imyaka 13 ku butegetsi waronse intebe 31 mu gihe Bleu-Blanc wa Gantz wegukanye 33.

Imigambwe itaronse intebe nyinshi imaze guhebera amajwi iyo ibiri iri imbere, uwa Netanyahu wahavuye uronka intebe 55 uwa Gantz nawo uronka 54.

Benny Gantz asigura ko naho ubu Netanyahu amurusha amajwi, ari we yaronse menshi mu matora kuri ubwo yabwirizwa kuramutswa Reta, Netanyahu nawe akumvikanisha ko amajwi y’ubwa mbere ataco avuze.

Perezida wa Isirayeri Reuven Rivlin yabwiye impande zose ko zitegerezwa kumvikana kugira hashingwe Reta y’ubumwe ihuriyemwo bose bitabaye uko ku wa gatatu akihitiramwo uwuba umushikiranganji wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG