Uko wahagera

Ivyavuye mu Matora ya Isirayeri Vyatangajwe naho Bikirimwo Ubufindo


Amafoto ya Benny Gantz na Benjamin Netanyahu
Amafoto ya Benny Gantz na Benjamin Netanyahu

Umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Isirayeri watangaje ibiharuro vya nyuma vy’ivyavuye mu matora ahitiye muri ico gihugu. Mu gihe gushika n’ino saha imigambwe ibiri iza kw’isonga mu yifise amajwi menshi itarashobora kwumvikana ku wohabwa intebe y’umushikiranganji wa mbere, Perezida wa Isirayeri yahawe indwi imwe akaba yatatuye.

Uwo murwi utunganya amatora wemeje burundu ko umugambwe Likoud w’umushikiraganji wa mbere Benjamin Nentanyu, waronse intebe 32, Bleu Blanc wa Benny Gantz nawo uronka 33.

Umukuru w’igihugu Reuven Rivlin ari mu mishikirano n’impande zose kugira ngo hatebe haboneke umushikiranganji wa mbere akomeje gusaba impande zose kwumvikana hagashingwa reta y’ubumwe naho bose banana.

Benjamin Netanyahu ashize hamwe amajwi yahebewe n’imigambwe mito mito afise intebe 55, umukeba wiwe Benny Gantz akagira 54 mu gihe intebe zisabwa kubwira umukandida yemere kuramutswa reta ari 61.

Ari nka hamwe Benjamin Netanyahu yokwemererwa kuguma mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere, ashobora gutoberwa na dosiye y’ibiturire yagirizwa mu gihe ubutungane bwokwemeza ko yagirwa n’ivyaha birimwo ugusesagura amatungo ya reta. Bikaramuka bigenze uko, azokweguzwa canke yegure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG