Uko wahagera

Netanyahu Yasabwe Gushinga Reta y'Ubumwe muri Isirayeli


Israeli President Reuven Rivlin, right, shakes hands with Israeli Prime Minister Benjamin Netanyahu in Jerusalem, Sept. 25, 2109.
Israeli President Reuven Rivlin, right, shakes hands with Israeli Prime Minister Benjamin Netanyahu in Jerusalem, Sept. 25, 2109.

Perezida wa Isirayeli yasavye umushikiranganji wa mbere, Benjamin Netanyahu kugerageza gushinga reta nshasha, inyuma y’amatora yo mu ndwi iheze ata n’umwe yayatsinze.

Ibiro vya perezida Reuven Rivlin vyashikirije iryo tangazo inyuma yo kubonana kuri uyu wa gatatu na Netanyahu hamwe n’uwo bahanganye, Benny Gantz.

Rivlin niwe afise igikorwa co guhitamwo umukandida yizera ko ari we afise amahirwe manini yo kugena reta ihurikiyemwo bose, inyuma y’aho yaba Netanyahu canke Gantz ata n’umwe yakwije amajwi 61 kw’ijana asabwa yo gutsindira inama nshingamateka.

Perezida Rivlin yaratunganije ibiganiro n’abo bakandida incuro zibiri muri iyi ndwi, ariko habaye ukudahuza ku worongora reta y’ubumwe.

Ari nka hamwe Benjamin Netanyahu yokwemererwa kuguma mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere, ashobora gutoberwa na dosiye y’ibiturire yagirizwa mu gihe ubutungane bwokwemeza ko yagirwa n’ivyaha birimwo ugusesagura amatungo ya reta. Bikaramuka bigenze uko, azokweguzwa canke yegure.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG