Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Ibigo vya Irani vy'Ibigendajuru


Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika cafatiye ibihano ikigo ca Irani c’ibigendajuru, cagirizwa kubesha ngo kirungitse ibigendajuru ariko kiriko kigerageza porogaramu ya Nikleyeli.

Ivyo bihano bizokora ku kigo ca Irani kijejwe ibigendajuru, ikigo c’ubushakashatsi bw’ibigendajuru, hamwe n’ikigo kigira ubushakashatsi ku ruja n’uruza mu kirere.

Ubutunzi bwose ivyo bigo bifitiye muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bwahagaritswe, kandi nta munyamerika yemerewe kugiranira ibikorwa vy’urudandazwa navyo.

Irani yisigura ivuga ko porogaramu yayo y’ibigendejuru ifise intumbero yo kwubaka za satellite zijejwe gutumatumanako amakuru.

Vyatumye kuri uyu wa kabiri, perezida wa Irani Hassan Rouhani avuga ko ata biganiro azogirana na Reta zunze ubumwe z’Amerika. Rouhani yabwiye inama nshingamateka ko inzira imwe gusa yotuma reta yiwe iganira na Washington ari igihe Amerika izohanagura ibihano vyose.

Inama ya ONU ijewe amahoro n’umutekano yarabujije Irani guhingura porogaramu za misile ndetse iranabuza uwo wese yogerageza kugifasha muri ubwo buryo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG