Uko wahagera

Umushikiranganji wa Irani w'Imigenderanire Yafatiwe Ibihano n'Amerika


Mohammad Javad Zarif, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu.
Mohammad Javad Zarif, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe cafatiye ibihano umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

Mohammad Javad Zarif yagirizwa n’Amerika kuba akora kw’izina ry’umutegetsi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, aheruka gushirwa ku rutonde rwirabura rw’abatabonwa neza na Amerika.

Ibihano yafatiwe bimubuza gutembera canke guca muri Reta zunze ubumwe z’Amerika agiye mu ngendo mu mahanga hamwe no gufata amatungo afitiye muri Amerika.

Umwe mu bategetsi b’Amerika yabwiye abamenyeshamakuru ko Amerika izobandanya kunaniza Irani gushika ihagaritse poritike yayo yo gutera ubwoba Amerika hamwe n’ibihugu bicuditse.

Zarif ntiyatevye kwishura kuri ivyo bihano, mu kuvuga ko ivyo ata ngaruka n’imwe bizomugirako kuko ata matungo canke inyungu afitiye hanze ya Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG