Uko wahagera

Umushikiranganji wa Irani w'Imigenderaniye Yankiwe Gutanga Imihoho


Umushikiranganji wa Irani w'imigenderanire n'ayandi makungu, Javad Zarif, uwa kabiri mu bubamfu, i Tehran, itariki 27/02/2019.
Umushikiranganji wa Irani w'imigenderanire n'ayandi makungu, Javad Zarif, uwa kabiri mu bubamfu, i Tehran, itariki 27/02/2019.

Perezida wa Irani Hassan Rouhani yanse kwemera itanga imihoho ry’umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu, Mohammad Javad Zarif.

Mu rwandiko rwasohowe ejo kuwa gatatu n’ikimenyeshamakuru ca reta, Rouhani avuga ko kwemera itanga imihoho rya Zarif bishobora kubangamira inyungu z’igihugu.

Yongeye avuga ko Zarif ari umutegetsi akomeye azi kurwanira inyungu z'igihugu cama cabangamiwe na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Zarif nta mvo yatanze yamusunitse ku musi wa mbere gutanga imihoho.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG