Uko wahagera

Irani Isaba Gushumbushwa n'Ibihugu Vyemeje Amasezerano ya Nikleyeri


Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'amakungu, Mohammad Javad Zarif ashikiriza ijambo i Tehran, itariki 3/05/2018.
Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n'amakungu, Mohammad Javad Zarif ashikiriza ijambo i Tehran, itariki 3/05/2018.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’amakungu, Mohammad Javad Zarif amenyesha ko ukuva kwa Reta zunze ubumwe z'Amerika mu masezerano yerekeye umugambi wa Irani wo guhingura Nicleyere, yapfunditswe hagati ya Amerika, Irani, n’ibindi bihugu bikomakomeye kw’isi, biteye kubiri n’amategeko.

Zarif asaba kandi ibindi bihugu biri muri ayo masezerano kudakurikira inzira Amerika yafashe.

Ikinyamakuru ca reta ya Irani gitanganza ko Zarif yarungikiye bagenzi biwe b'Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufaransa, Ubudagi n’Uburusiya amakete abasaba kuja hamwe bagashumbusha Irani kuvyo ico gihugu cahomvye inyuma y'aho Amerika iviriye muri ayo masezerano.

Zarif avuga ko amasezerano ya Nicleyere yapfunditswe hagati y'ivyo bihugu vyose mu mwaka w'i 2015, yabaye mu mwumvikano udasanzwe hagati y’ivyo bihugu kandi ko yategekanya kwubahiriza inyungu z’impande zose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG