Uko wahagera

Amerika Yemeye Kurungika Abafasha Guhangana na Ebola i Goma


Icicaro c'ikigo c'Amerika kijejwe kugenzura no gukinga indwara (CDC) muri Atlanta, Georgia.

Ikigo co muri Reta zunze ubumwe z’Amerika gishinzwe kugenzura no gukinga indwara, CDC mu mfunyafunyo y’icongereza, cashikirije kuri uyu wa kane ko abakozi baco 12 barungitswe i Goma muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo gufasha abarwayi ba Ebola. Ico kiza kimaze umwaka, kimazi guhitana ubuzima bw’abantu barenga 1,800.

Ico kigo catangaje ko gishobora kuzorungika abandi bakozi baco mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kongo ahazogaragara ko hari umutekano.

Umuyobozi w’ico kigo, Dr. Robert R. Redfield yashikirije ejo kuwa kane mu butumwa bwa Twitter ko intambara zahagaritse utwigoro tw’abajejwe amagara y’abantu guhangana n’ico kiza.

Ico kigo cashikirije kandi ko kiriko kirakorana n’ubushikiranganji bw’Amerika bw’imigenderanire n’amakungu kugira barabe ko umutekano ukwiye kugira barungike abandi bakozi b’Amerika muvy’amagara y’abantu mu bice biri hanze ya Goma.

Ikigo co muri Amerika gushinzwe kugenzura no gukinga indwara catangaje iyo ngingo, inyuma y’amasaha make reta y’u Rwanda yugaye umwanya muto urubibe basangiye na Kongo ku bwoba bw’uko iyo ngwara ishobora kwandukira abanyagihugu bayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG