Uko wahagera

U Rwanda Rwafunze Gato Imipaka Iruhuza na Goma Kubera Ebola


Abakongomani bagendera hafi y'umupaka w'u Rwanda inyuma yo kuwufunga gato kubera Ebola.
Abakongomani bagendera hafi y'umupaka w'u Rwanda inyuma yo kuwufunga gato kubera Ebola.

U Rwanda rwafunze gato umupaka uruhuza na Republika iharanira demokarasi ya Kongo kuri uyu wa kane, mu gihe abategetsi muvyo amagara y’abantu bariko barakora uko bashoboye kugira bahagarike ikiza ca Ebola kimaze guhitana abantu barenga 1,800.

Abavyiboneye babwiye Ijwi ry’Amerika ko abategetsi babujije abantu batari bake kujabuka umupaka hagati y’igisagara ca Gisenyi mu Rwanda na Goma amasaha make, inyuma y’aho hamenyekanye ko Ebola yamenyekanye i Goma. Abantu gusa bemerewe kujabuka ni abakongomani bari mu Rwanda bariko batahuka iwabo.

Umushikiranganji w’u Rwanda w’amagara y’abantu yahakanye ko ata mupaka wigeze wugarwa, ariko mu masaha y’inyuma ya sasite kuri uyu wa kane uruja n’uruza rw’abantu rwari rwasubiye kandi hagati y’ivyo bisagara bibiri.

Uko gufunga gato umupaka kwabaye igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS isabiye ibihugu kutugara imbibe zavyo canke kubuza abaja muri Kongo.

Abategetsi ba Kongo b’amagara y’abantu baremeje ko umwana w’umukobwa avyarwa n’umugabo yishwe na Ebola mu ntango z’iyi ndwi afise ibimenyetso c’iyo ngwara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG