Uko wahagera

Umwana Niwe wa Gatatu Yanduye Ebola i Goma


Umwana afiswe na nyina ari ku kigo kivurirwamwo abanduye Ebola i Butembo, mu buraruko bw'intara ya Kivu, itariki 31/07/2019.
Umwana afiswe na nyina ari ku kigo kivurirwamwo abanduye Ebola i Butembo, mu buraruko bw'intara ya Kivu, itariki 31/07/2019.

Umwana w’umukobwa w’umwaka umwe yabaye uwa gatatu yasuzumwe ko yanduye Ebola mu gisagara ca Goma, muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nkuko vyashikirijwe n’abategetsi mu karere kuri uyu wa gatatu. Amakuru ashikirizwa n’abategetsi avuga ko ari umwana w’umurwayi wa kabiri yapfuye mu ntango z’iyi ndwi.

Dogiteri Aruna Abedi ajejwe gutunganya ibikorwa vyo kurwanya Ebola mu ntara ya Kivu y’uburaruko, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP ko gutanga incanco za Ebola vyatanguye i Goma kandi ko abashizwe ku rutonde rwa mbere ari ababanye n’uwo murwayi.

Ejo kuwa gatatu nyene, hatangajwe ko abantu 15 bashizwe ahabonyene mu mihana yo hafi y’intara ya Kivu yo mu bumanuko, bamaze gukekwa ko banduye uwo mugera.

Muri rusangi, abantu 1,803 baramaze gutakaza ubuzima bishwe na Ebola mu biharuro vyashikirijwe ejo kuwa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG