Uko wahagera

Umuntu wa Kabiri Wanduye Ebola Yitavye Imana i Goma


Abategetsi ba Republika iharanira demokarasi ya Kongo batangaza ko umuntu agira kabiri yanduye umugera w’indwara ya Ebola mu gisagara ca Goma yitavye Imana mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu. Ni umusi umwe inyuma y’uko bitangajwe ko yanduye Ebola.

Uwo muntu ari mu myaka ya 40 yacukura ubutare yari yatahutse imuhira iwe avuye mu karere k’intara ya Ituri iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kongo. Nta muntu yari azi ko afise Ebola muri ako karere.

Abategetsi b’ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, bavuga ko uwo muntu ashobora kuba yanduye Ebola hagati y’ahitwa Komanda n’igisagara ca Goma. Yafashe amapikipiki y’amatagisi mu kiringo c’imisi itari mike mu karere karimwo abantu benshi aho ikiza ca Ebola gikomeye cane.

Uwo muntu yashitse mu gisagara ca Goma kw’italiki 13 z’ukwezi kw’indwi. Yatanguye kwerekana ibimenyetso vya Ebola kuwa mbere w’indwi iheze yashizwe mu kibanza ciwe ca wenyene mu kibanza abantu bajejwe kuvurirwamwo Ebola ku musi wa kabiri. Yari yamaze imisi 5 avurirwa imuhira iwe, mu nyuma yaho aja mu kibanza c’ubuvuzi aho yiketswe ko afise Ebola.

Avurwa ko ashobora kuba atari azi ko yanduye Ebola. Abantu bamwegereye bariko bararonderwa kugira bahabwe urucandago rwa Ebola ruriko rurageragezwa muri iki gihe.

Abantu bashobora kwitiranya ibimenyetso vy’umuriro mwinshi mu mubiri uterwa na Ebola n’indwara ya Malariya. Akarere ko mu buseruko bwa Kongo ni akarere kasinzikajwe na Malariya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG