Uko wahagera

RDC: Umurwayi wa Mbere wa Ebola Yabonetse i Goma


Umukozi wa OMS ariko atanga urucanco rwa Ebola i Mangina, muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, itariki 08/08/2018.
Umukozi wa OMS ariko atanga urucanco rwa Ebola i Mangina, muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, itariki 08/08/2018.

Umuntu wa mbere yanduye umugera wa Ebola yemejwe i Goma, igisagara kinini Ebola itanguye kwibonekezamwo kuva itangura kugaragara mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo mu kwezi kwa munani umwaka uheze, nkuko vyashikirijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu ejo kuw’Imana.

Uwo murwayi yashitse i Goma mu mutwenzi wo kuw’Imana avuye i Butembo, kimwe mu bisagara vyagaragayemwo Ebola mu ntara ya Kivu y’Uburaruko.

Ubwo bushikiranganji bwemeza ko Goma itazosinzikara kuko Ebola yamenyekanye agishika ndetse n’abantu barikumwe muri bus batangura gucandarwa kuri uyu wa mbere.

Ebola muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo imaze guhitana ubuzima bw’abantu 1,655, nkuko bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu. Iyi nkuru Ijwi ry’Amerika riyikesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG