Uko wahagera

Arabiya Sawudite Yahagaritse Gutanga Visa ku Banyekongo


Umuganga atanga urukingo rwa Ebola i Goma mu burasirazuba bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo.
Umuganga atanga urukingo rwa Ebola i Goma mu burasirazuba bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo.

Igihugu ca Arabiya Sawudite cahagaritse guha ama visa abantu bavuye muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo kubera ikiza ca Ebola kivurwa muri ico gihugu. Ivyo naho ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi ryari ryasavye ko ingingo nkiyo itofatwa.

Bamwe mu bayislamu bo muri Kongo bari bafise imigambi y’ukugira urugendo mu kibanza ceranda c’idini rya kiyisilamu muri Arabiya Sawudite mu kwezi kuza.

Ikete ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Arabiya Sawudite bwandikiye ku musi wa gatatu Ambasade ya Republika iharanira demokrasi ya Kongo i Riyadh, itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, Associated Press ryashoboye kuronka rivuga ko Arabiya Sawuduite yafashe iyo ngingo kugira ikingire abantu bagira urugendo mu kibanza ceranda c’idini rya kiyisilamu muri ico gihugu hamwe n’abandi.

Arabiya Sawudite yarahagaritse kandi gutanga ama visa ku bantu bava mu karere ko muri Afrika yo mu burengero igihe ikiza ca Ebola ciyadukiza muri ako karere. Abantu barenga 11,000 barahitanywe n’ico kiza muri ako karere ico gihe.

Ingingo ya Arabiya Sawudite yerekeye umuntu uwariwe wese avuye muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, harimwo n’abadafise ubwenegihugu bwaho. Ntaco Reta ya Kongo iratangaza ku mugaragaro kuri iyo ngingo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG