Uko wahagera

Ubudagi Bwanse Gufasha mu Mutekano mu Kigobe ca Hormuz


Ubwato bw'Ubwongereza Bwafatiwe mu kigobe ca Hormuz n'abasirikare ba Irani.
Ubwato bw'Ubwongereza Bwafatiwe mu kigobe ca Hormuz n'abasirikare ba Irani.

Ubudagi bwanse gukurikiza akamo katewe na Reta zunze ubumwe z’Amerika ko kwifatanya n’amakungu mu gucungera amato aca mu kigobe ca Hormuz.

Amerika yasavye Ubudagi kwifatanya n’Ubufaransa hamwe n’Ubwongereza mu gucungera umutekano mu nzira yo mu mazi, ahaca ica gatanu c’ubwato bw’ibitoro kw’isi.

Umushikiranganji w’Ubudagi w’imigenderanire n’ayandi makungu, Heiko Maas yashikirije ko ako karere kabangamiwe ariko ko hadakenewe inyishu ya gisirikare.

Uruhagarara mu karere ko mu buseruko bwa hagati rwayangaye mu ndwi ziheze, aho Amerika na Irani bompi batangaje ko barashe indege za drone z’urundi ruhande, hafi y’ico kigobe.

Abategetsi ba Buraya babaye nk’ababangira gushigikira Amerika muri uyo mugambi wo gucungera umutekano mu mazi, bavuga ko bishobora kwunyura ivyari bisanzwe vyunyutse muri ako karere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG