Uko wahagera

Ubwongereza na Irani Bashobora Gushiranako


Abategetsi mu Bwongereza bariko barategura ibihano kuri Irani kubwo kuba ico gihugu carafashe ubwato bw’Ubwongereza butwaye peterori mu kigobe ca Hormuz. Ubwongereza bushobora kandi gusaba ishirahamwe rya Bulaya gusubizaho ibihano ryakuyeko Irani mu 2016, inyuma yo gusinya amasezerano kuri Nikleyeli.

Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya waragabishije inyuma y’ifatwa ry’ubwo bwato ko ibintu bishobora kuyangara. Ariko bamwe mu bategetsi muri uyo muryango baraneguye Ubwongereza kuba bwarafashe ubwato bwa Irani bwa peterori bwari bugiye muri Siriya mu ntango z’uku kwezi.

Bemeza ko vyari vyubahirije amategeko kubufata, ariko ngo ntiyari ingingo yo gufata kubijanye na poritike.

Irani isa nuko ku musi w’Imana yariko igerageza gucanishamwo Abanyabulaya hamwe n’Ubwongereza kuvyabaye mu kigobe ca Gibraltar.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’amakungu, Mohammad Javad Zarif, yongeye gushikiriza ko Reta zunze ubumwe z’Amerika arico gihugu kigomba gusunikira Ubwongereza kurwana na Irani, yagiriza umuhanuzi w’Amerika muvy’umutekano mu gihugu John Bolton kuba ariwe ari muri uyo mugambi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG