Uko wahagera

Perezida Bouteflika Azova ku Butegetsi Uku Kwezi


Perezida wa Aljeriya Abdelaziz Bouteflika, mu nama i Alger ku murwa mukuru wa Aljeriya, itariki 11/03/2019.
Perezida wa Aljeriya Abdelaziz Bouteflika, mu nama i Alger ku murwa mukuru wa Aljeriya, itariki 11/03/2019.

Ibiro vya perezida wa Aljeriya Abelaziz Bouteflika amaze igihe kirekire ku butegetsi vyatangaje ko azobuvako kw’igenekerezo rya 24 z’ukwezi kwa kane, igihe manda yiwe ya kane izoba irangiye.

Ayo makuru yatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta APS kuri uyu wa mbere. Ico kinyamakuru kivuga ko Bouteflika azobanza kubona ko igihugu kizobandanya gitwarwa imbere yo kuva ku butegetsi.

Abanyagihugu amasinzi ba Aljeriya bamaze amayinga mu myiyerekano bamusaba kutongera kwitoza no kuva ku butegetsi yashitseko kuva mu 1999.

Bouteflika afise imyaka 82 kandi amagara aramukitse.

Vyari bitegekanijwe ko Aljeriya itunganya amatora mu kwezi kwa kane italiki 18.







Facebook Forum

XS
SM
MD
LG