Uko wahagera

Aljeriya: Igisirikare Gisaba Perezida Bouteflika Kuva ku Butegetsi


Umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare muri Aljeriya, Ahmed Gaid Salah mu mubonano na perezida Abdelaziz Bouteflika i Alger. Itariki 11/03/2019.
Umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare muri Aljeriya, Ahmed Gaid Salah mu mubonano na perezida Abdelaziz Bouteflika i Alger. Itariki 11/03/2019.

Umukuri w’ibiro bikuru vya gisirikare muri Aljeriya, Ahmed Gaid Salah, azwi cane nk’uwufise igihagararo gikomeye mu gihugu, yashikirije ko perezida Abdelaziz Bouteflika akwiye gutangaza ko atagishoboye kurangura amabanga y’umukuru w’igihugu, kugira haboneke mu mahoro umuti w’icuka kibi ca politike mu gihugu.

Mur’ico gihe umukuru w’inama nshingamateka niwe yoba ararongoye igihugu ivy’imfatakibanza imisi 45, imbere yuko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yemeza ko perezida atakibasha kurongora igihugu.

Perezida Bouteflika, aheruka gutahuka avuye kwivuza i Geneve, haheze imisi 10 avuze ko ahamagaye amatora, yari ategekanijwe mu kwezi kuza, ariko mu nyuma avuga ko atazokwitoza manda ya gatanu.

Ibihumbi vy’abanyagihugu barihereje amabarabara ku murwa mukuru Alger hamwe no mu bindi bisagara basaba perezida Bouteflika kuva ku butegetsi.

Abanya Aljeriya bakurikiranira hafi ibibera mu gihugu babwiye ibimenyeshamakuru ko bishoboka ko Bouteflika ashobora kuva ku butegetsi ku bushake hagati y’amasaha 24 na 48.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG