Uko wahagera

Bouteflika wa Aljeriya Azoguma ku Butegetsi Inyuma ya Manda


Perezida wa Aljeriya Abdelaziz Bouteflika
Perezida wa Aljeriya Abdelaziz Bouteflika

Perezida wa Aljeriya Abdelaziz Bouteflika ku musi wa mbere yaremeye ko azoguma ku butegetsi naho manda yiwe izorangira mu kwezi kuza, ivyo abivuze mu gihe abantu baharurwa mu bihumbi babandanya imyiyerekano yiyamiriza ubutegetsi bwiwe.

Bouteflika yatangaje kw’italiki 11 z’ukwezi kwa gatatu ko ahevye kwitoreza ikiringo ca gatanu, aho abakora imyiyerekano babona ivyatumye bihereza amabarabara giheze.

Bouteflika w’imyaka 82 yarakuyeho amatora yari ategekanijwe kw’italiki 18 z’ukwezi kwa kane yongera avuga ko hari ivyo agiye guhindura abicishije mu biganiro azotunganya mu gihugu.

Naho yemeza ko hari ivyo agiye kuzohindura mw'ibwirizwa shingiro, abanyaljeriya barabandanya imyiyerekano ku bwinshi kandi mu mahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG