Perezida wa Aljeriya Abdelaziz Bouteflika ejo kuw’Imana yaragenye reta nshasha irongowe na Noureddine Bedoui aheruka kugenwa mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere, nkuko amakuru ava mu biro vy’umukuru w’igihugu yabishikirije.
Televiziyo ya reta yatangaje ko umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare Ahmed Gaid Salah, aheruka gusaba ko Bouteflika atanga imihoho, yagumijwe mu mwanya w’umushikiranganji wo kwivuna abansi.
Bouteflika, ntaheruka kuboneka ku mugaragaro kuva muri 2013 aho agaragariye ko afise ingwara yo mu mutwe, arasagirijwe n’abanyagihugu bamusaba kuva ku butegetsi inyuma y’aho atangarije ko agiye kwitoreza manda ya gatanu.
Ariko mu ntango z’ukwezi guheze yavuze ko ashobora kutazohiganwa aca yunguruza amatora yari kuba mu kwezi kwa kane, ivyateye agashavu abanyagihugu biketse ko agiye kwiyongera iyindi myaka ibiri ku butegetsi.
Facebook Forum