Uko wahagera

Bouteflika Ahanganye n'Abakora Imyiyerekano muri Alijeriya


Abakozi bo mu by'ubuzima barasaba Prezida Bouteflika gutanga imihoho
Abakozi bo mu by'ubuzima barasaba Prezida Bouteflika gutanga imihoho

Abanyeshule n’abaganga 2.000 bagize imyiyerekano ku murwa mukuru w’igihugu ca Alijeriya uno musi ku wa kabiri. Basavye ko Prezida Abdelaziz Bouteflika atanga imihoho, igihe azoba arangije ikiringo ciwe mu kwezi gutaha kwa kane.

Mu ndwi iheze Prezida Bouteflika, akitswe n’amagara muri iki gihe, yatangaje ko atazorondera kwitoza mu kiringo ca gatanu. Yamara yarigijeyo ikirangamisi c’amatora ata taliki nshasha azoberako itangajwe. Abatavuga rumwe nawe bavuga ko ako ari akigoro kiwe k’ukuguma ku butegetsi.

Ku musi wa mbere Prezida Bouteflika yatangaje ko ibiganiro ku rwego rw’igihugu ku bijanye n’italiki nshasha y’amatora n’ibwirizwa shingiro rishasha bizoba vuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG