Perezida Barack Obama yahoze arongoye Reta zunze ubumwe z’Amerika yari yaremeje ko ibohero rya gisirikare ry’i Guantanamo Bay, muri Cuba rizugarwa, ariko rigiye kuzogumaho iyindi myaka ishika 25 nkuko uwurirongoye yabishikirije ejo kuwa kabiri.
Rear Admiral John Ring arirongoye yavuze ko iryo bohero ririmwo abagirizwa ibitero vy’iterabwoba vyabaye muri Amerika mu kwezi kw’icenda itariki 11, umwaka wa 2001 rigiye kuguma ryuguruye mu myaka 25.
Mu kwezi kwa mbere, Perezida Obama niho yasinya itegeko ryo kwugara iryo bohero.
Ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika bwo kwivuna abansi, kuri reta ya Perezida Donald Trump bwarahagaritse ingingo yafashwe na Perezida Obama, nkuko uwo arongoye iryo bohero abandanya abivuga.
Kuva mu mwaka w’2008, ibohero rya Guantanamo ntirirongera kwakira izindi mbohe nshasha, muri iki gihe risigayemwo 40.
Bamwe ntibarigera bacirirwa imanza, ariko bagumijwemwo ku gutinya ko bobangamira umutekano barekuwe.
Mu gihe yiyamaza mu matora y'umukuru w'igihugu, Trump yamereye abanyagihugu ko azokwuzuza ibohero rya Guantanamo ico yise “abantu babi”, mu nyuma avuga ko abarwanyi ba reta ya kiyisilamu bashobora kuzofungirwayo.
Facebook Forum