Uko wahagera

Omani Cemeye Kwakira Imbohe 10 za Guantanamo


Igihugu ca Omani catandaje kur’uyu wa mbere ko cemeye kwakira imbohe 10 mumbohe zifungiwe mw’ibohera rya gisirikare ry’Abanyamerika riri I Guantanamo muri Cuba. Amazina canke ibihugu bamukamwo ntiyatangajwe.

Igihe Perezida Barack Obama wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yashikira ubutegetsi m’ukwezi kwa mbere umwaka w’2009, yari yemereye abanyamerika ko azokwugara burundu iryo bohero. Yavuga ko riteye kubiri n’ivyo Amerika yemera.

Abakurikiranira hafi ivy’Amerika bavuga ko izindi mbohe zishobora kubohorwa mu masaha yanyuma ya Obama imbere y’uko ashikiriza amabanga.

Aho nimugihe, mundwi iheze, sekreteri wa reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe kwivuna abansi, Ash Carter yari yashikirije ko atiteze ko har’izindi mbohe ziri I Guantanamo zizorekurwa.

XS
SM
MD
LG