Uko wahagera

Imbohe 2 za Guantanamo Zarekuwe


Imbohe zabohowe zikuwe mw'ibohero rya Guantanamo
Imbohe zabohowe zikuwe mw'ibohero rya Guantanamo

Leta zunze Ubumwe z’Amerika yarabohoye imbohe zibiri zamuka muri Libiya zari zifungiwe mw’ibohero ry’I Guantanamo muri Cuba.

Abo bagabo babiri bitwa Omar Khalif Mohammed Abu Baker hamwe na Salem Abdu Salam Ghereby, bari bamaze imyaka 14 bafungiwe mur’iryo bihero bataracirwa urubanza.

Babohowe k’umusi wa mbere baca barungikwa mu gihugu ca Senegali.

Abo bagabo bahoze mu batavuga rumwe n’uwahoze ari perezida wa Libiya Muammar Kadafi.

Mur’iryo bohero ry’I Guantanamo risigayemwo abanyororo 89. Perezida Barack Obama ariko ageregeza kuraba ko yokwugara iryo bohero imbere yuko arangiza amabanga y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa mbere kuza.

Ibinyamakuru vyo muri Amerika vyamenyesheje ko abategetsi ba gisirikare bimirije kubohora izindi mbohe 10 mur’iryo bohero.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu Human Rights Watch rirashima ako kigoro ka perezida Obama rimenyesha ko ico ari ikimenyetso c’uko iryo bohero rigiye kuzokwugarwa.

XS
SM
MD
LG