Uko wahagera

Trump: Ibohero rya Guantanamo Ntirizugarwa


Abasirikare b'Amerika mu rwinjiriro rw'ibohero rya Guantanamo Bay, Cuba, ukwezi kwa gatandatu, itariki ya 27, 2006.
Abasirikare b'Amerika mu rwinjiriro rw'ibohero rya Guantanamo Bay, Cuba, ukwezi kwa gatandatu, itariki ya 27, 2006.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aranegura ingingo yafashe na Perezida Donald Trump yo kugumizaho ibohero ry’igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika riri i Guantanamo muri Cuba.

Mu gihe yariko ashikiriza ijambo Abanyamerika n’amakungu ku musi wa kabiri, Trump yavuze ko iyo ngingo iri mu vyo yemereye abamutoye kandi yabivuze aza yaramaze gusinya itegeko ririgumizaho.

Iyo ngingo ikuraho iyari yarafashwe mu mwaka wa 2009 na Perezida Barack Obama, aho yari yavuze ko iryo bohero rizugarwa.

Mw’ijambo yashikirije, Trump yavuze ko iryo bohero rikenewe kugira bigaragare ko Amerika ifise ububasha bwo gufunga abakora iterabwoba mu ntambara barimwo yo kurwanya imihari ya reta ya Kiyisilamu na al-Qaida.

Perezida George W. Bush niwe yuguruye iryo bohero rya Guantanamo inyuma y’igitero c’iterabwoba cabaye muri Reta zunze ubumwe z'Amerika kw’itariki ya 11 z’ukwezi kw’icenda, 2001 kugira abagirizwa kuba abakora iterabwoba babe ariho babarizwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG