Umuntu yitwaje ikirwanisho ejo kuwa gatatu yaragerageje kwinjira mu rugo rwa Fethullah Gulen, umunyedini w’umunyaturukiya yahungiye muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, ariko yaciye asubizwa inyuma n’abajejwe kumucungerera umutekano.
Igiporisi co muri Reta ya Pennsylvaniya cashikirije ko cagerageje kurondera uwo muntu aho yahungiye mu micungararo nticamubona kandi bakimurondera.
Ku ruhande rwa Gulen, bavuga ko bibaza ko reta ya Turukiya ari yo iri inyuma y’ukugerageza kumwica.
Gulen yigeze kuba akorana n'ubutegetsi bwa Turukiya, ariko yahungiye muri Amerika mu mwaka w’1999 reta imwagirije gushaka gucanishamwo abanyagihugu n’idini.
Reta ya Turukiya yagiriza kandi Fethullah Gulen kuba ariwe yari inyuma y’ukugomba gutembageza ubutegetsi muri 2016 kandi Turukiya casavye Amerika kumwohereza mu gihugu gucirirwayo urubanza. Amerika yaravyanse.
Facebook Forum