Uko wahagera

Turukiya Isaba Amerika Gufata Fethullah Gulen


Ibimenyeshemakuru bikorera mu gihugu ca Turukiya bimenyesha ko kur’uyu wa kabiri Reta y’ico gihugu yarungitse ugwandiko gwa mbere ruciye mu mategeko muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Urwo rwandiko rusaba ifatwa rya Fethullah Gulen, yagirwa ko yashatse guhirika ubutegetsi mu kwezi kw’indwi.

Perezida Recep Tayyip Erdogan w Turukiya yabandanije gutuma urutoke Fethullah Gulen, kw’ari we ar’inyuma y’ico gikorwa co guhirika ubutegetsi, cahitanye abantu bashika ku 270 bapfuye.

Gulen afise imyaka 75, yahungiye muri Amerika kuva mu mwaka w’1999, ahakana ibirego vya Turukiya. Abantu bashika ku bihumbi mirongo umunani, harimwo abakozi ba Reta, abigisha, abacamanza baramaze gutabwa mu mvuto inyuma y’iryo hirikwa ry’ubutegetsi.

Mu nama iheruka y’abategetsi kw’isi bahurikiye mu mugwi G20, Perezida Barack Obama w’Amerika yabwiye mugenzi we wa Turukiya ko Amerika yiteguye gufasha mu matohoza. Yamara Amerika imenyesha kandi ko ivyo Turukiya irega Gullen bizobanza kwemegwa n’ubutungane bwa Amerika.

XS
SM
MD
LG