Uko wahagera

Turukiya: Abayoboke ba Fethullah Gulen Barabandanya Guhigwa n'Ubutegetsi


Abategetsi ba Turukiya barabandanya gufata abayoboke b’umunyedini Fethullah Gulen, yagirizwa ko ariwe yashatse gutembagaza ubutegetsi.

Mugihe abanyagihugu baharurwa mu bihumbi bamaze gufatwa, imigambwe itavugarumwe n’ubutegetsi yatanguye guserura amakenga ifise kur’iyo nyifato ya reta ya Turukiya.

Ibiharuro bitangwa n’abategetsi muri Turukiya bivuga ko abarenga ibihumbi 100 bamaze gukurwa mu buzi, abandi ibihumbi 60 batawe muri yompi kuva mu kwezi kwa ndwi aho haburizwamwo itembagazwa ry’ubutegetsi.

Fethullah Gulen
Fethullah Gulen

Abahinga bavuga ko Gulen afise abayoboke baharurwa mu bihumbi muri Turukiya bafise amatungo muvy'ubudandaji, mu mashure y’abikorera utwabo mu gihugu.

Reta ya Turukiya yavuze ko igiye gusambura ako karwi k’abo bagwizatunga yagiriza ko bari mu bashigikiye gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Nawe Gulen, asanzwe aba muri Leta zunze ubumwe z’Amerika, abandanya avuga ko ataruhara na rumwe afise mur’uko gushaka gutembagaza ubutegetsi.

XS
SM
MD
LG