Uko wahagera

Erdogan Yemerera Amerika Kuguzanya Gulen n'Umupasitori wayo


Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya

Perezida wa Turukiya, Recep Tayyip Erdogan yabwiye Reta zunze ubumwe z’Amerika ko yiteguye gutanga umupasitori w’umunyamerika afungiwe mu gihugu ciwe mu gihe Amerika nayo yokwemera guca yohereza muri Turukiya Fethullah Gülen.

Gulen ni umunyedini w’umunyaturukiya aba muri Amerika yagirizwa umugambi wo gushaka gusenyura ubutegetsi muri Turukira mu kwezi kw'indwi umwaka w'2016.

Nawe uwo mu pasitori Erdogan avuga, yitwa Andrew Brunson. Amaze imyaka irenga 20 aba muri Turukiya aho arongoye ishengero ry’abaporotestante mu gisagara ca Izmir kiri mu burengero bw’igihugu.

Afunzwe kuva mu kwezi kw’icumi muri 2016 yagirizwa gukorana na Fethullah Gülen, Turukiya cagiriza ibikorwa vy’iterabwoba.

Imigenderanire hagati ya Turukiya na Amerika yatanguye gutosekara kuva aho kuva aho Turukiya gitanguye gusaba Amerika ngo ikirungikire Gülen. Na bugingo n’ubu yibera muri reta ya Pennsylvaniya ata nkomanzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG