Uko wahagera

Arabiya Sawudite: Abagore Bemerewe Gutwara Imodokari

Umugore w'i Bahraini, Eman Mohammed yifata ifoto na telefone yiwe mu gihe yariko anezeranwa n'abandi bagore inyuma ko gukuraho itegeko ryababuza gutwara imodokari, Arabiya Sawudite, itariki 24/06/2018.

Arabiya Sawudite kuri uyu musi w’Imana niho cakuyeho icese itegeko ryahora ribuza abagore bo mur'ico gihugu gutwara imodokari.

Iyo ngingo yarashimishije abakenyezi bahora bikora ku bashoferi, abahungu bo mu miryango, amatagisi hamwe n’abandi kugira biyunguruze n’imodokari.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaciye risohora itangazo ku musi w’Imana nyene rivuga ko umunyamabanga mukuru waryo yakeje abagore bo muri Arabiya Sawudite ku twigoro bakoze kugira iyo ngingo ifatwe.

Antonio Guterres aremeza ko ako ari akaryo keza kazotuma haba iterambere mu butunzi ku bagore no ku gihugu.

Guterres avuga ko yipfuza ko izindi ntambuko zishikwako kugira habe ukungana ku bagore n’abakobwa mur’ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG