Uko wahagera

Arabiya Sawudite mu Nzira yo Gukingira Abakenyezi


Abakenyezi muri Arabiya Sawudite
Abakenyezi muri Arabiya Sawudite

Igihugu ca Arabiya Sawudite kirategura itegeko rihana ivyaha vy’ubusambanyi bukorerwa abakenyezi. Ni igihe kitageze ku kwezi kumwe, imbere y'uko ico gihugu kirekurira abakenyezi kugendesha imodokari bari barabujijwe haraheze imyaka mirongo.

Inama nshingamateka y’ico gihugu yaremeje iryo tegeko, rizohanisha umunyororo w’imyaka itanu hamwe n’amande y’amadolari y’Abanyamerika ibihumbi 80 kuwuzoshurashuza abakenyezi canke ibindi vyaha bijanye n’ivyo.

Ariko izo mpinduka zibaye mu gihe ico gihugu giheruka guhagarika abantu cumi barwiriyemwo abakenyezi baharanira uburenganzira bw’abakenyezi bwo kugendesha imodokari.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa kabiri ryasavye Arabiya Sawudite gutanga amakuru kuri abo bakenyezi. Batatu muri abo bagore bararekuwe abandi indwi baracafunzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG