Uko wahagera

Abagore Bemerewe Kuzotwara Imodoka muri Arabiya Saudite


Inyuma y’aho ku musi wa kabiri w’iyi ndwi, umwami wa Arabiya Sawudite atangiye itegeko riha uburenganzira abakenyezi bwo gutwara imodoka, Manal al Sharif, umunya Australiya aba mur’ ico gihugu, akaba umwe mu bakenyezi bari bamaze igihe kitari gito ayoboye umuhari uharanira ubwo burenganzira, avuga kw’ agiye gusubira mu gihugu ciwe kugira abe umwe mu bakenyezi ba mbere bazotwara imodoka mur’ ico gihugu.

Ubwami bwa Arabiya Sawudite idini rya Isilamu ryavukiyemwo, ni kimwe mu bihugu vyagiye biranegurwa kubera vyimye abakanyezi uburenganzira bwo kugendesha imodoka.

Iryo tegeko rizoshirwa mu ngiro kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa gatandatu mu mwaka uza. N’imwe mu ngingo zateguwe n’umwami hamwe n’umuhungu wiwe w’imyaka 32 Mohammed bin Salman mu mwaka w’2015, zizoshirwa mu mategeko y’igihugu azohinyanyurwa imbere yo mu mwaka w' 2030.

Zimwe mu ngaruka mbi z’iryo tegeko, n’uko abagabo bamwe bamwe bafise umwuga wo gutwara imodoka, cane cane abanyamahanga, bazohava babura ubuzi.

Yamara, abashigikiye iryo tegeko bavuga ko rizofasha ubuzima bwa misi yose bw’imiryango y’abanya Arabiya Saudite, ryongere riteze imbere urudandazwa rw’imodoka mur’ ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG