Uko wahagera

Abagore muri Arabiya Sawudite Bemerewe Kuja Mu ma Stade


Abagore muri Arabiya Sawudite kur’uyu wa mbere bashimye ingingo y’uko bagiye kuzohora barorera inkino mu bibuga, ivyari vyemerewe igitsina gabo gusa mur’ico gihugu.

Iyo ngingo n’imwe mu mpinduka ubutegetsi burongowe n’abasunite buriko burakora inyuma y’aho mu kwezi guheze bemereye abo bakenyezi kudengesha imiduga n’ibindi batari bemerewe gukora mu buzi bwabo.

Umukenyezi Sarah Alhelal w’imyaka 29 w’umunyaarabiya sawudite avuga ko anejerejwe n’iyo ngingo agahamagarira abakenyezi bagenzi biwe guca bahaguruka nabo bijukira inkino.

Arabiya Sawudite kizwi nka kimwe mu bihugu vyo kw’isi bikora ivangura rifatiye ku gitsina.

Gushik’ubu haracari itegeko rikiriho mu miryango ribuza abakenyezi kuja kwiga mu mahanga, gufata ingendo za kure no gukora ibindi bikorwa batabanje kuronka uruhusha ruvuye ku mugabo mu muryango.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG