Umupadiri w’umukatokika n’uwundi muntu bari banyurujwe mu buseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Kongo barekuwe. Barekuwe inyuma y'amasaha 48 banyurujwe n’abantu batamenyekanye.
Padiri Robert Masinda n’uwo bari banyururijwe ica rimwe barekuwe. Ivyo vyatangajwe na Musenyeri Melchisedech Sikuli, ayoboye diyoseze ya Butembo-Beni mu ntara ya Kivu yo mu buraruko.
Umuntu agira gatatu yashoboye gutoroka. Abo bantu batatu, umupadiri n’abahinga babiri mu vy’uburimyi, bari banyurujwe ku musi wa mbere ku muhingamo mu karere ka Beni igihe bari bavuye mu mirima. Ababanyuruje ntibamenyekanye. Yamara kunyuruza abasivile n’ibintu biba kenshi mu ntara ya Kivu yo mu buraruko. Ako karere gakorerwamwo n’imirwi yitwaje ibirwanisho itari mike.
Mu kwezi kw’indwi mu mwaka uheze w’i 2017, abandi bapadiri babiri bo muri diyoseze ya Beni-Butembo baranyurujwe n’abarwanyi batamenyekanye.
Facebook Forum