Uko wahagera

RDC: Guterres Asaba Amatohoza ku Bishe Abigaragamvya


António Guterres ni Umunyamabanga mukuru wa ONU
António Guterres ni Umunyamabanga mukuru wa ONU

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres, yasavye kur’uyu wa mbere abategetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo gutanguza amatohoza ataho yegamiye, inyuma y’aho ku musi w’Imana abantu bashika batandatu kubwa ONU bishwe bashwiragijwe n’abaporisi ba reta.

Guterres asaba ko abagize uruhara mur’ubwo bwicanyi barengutswa imbere y’ubutungane. Ni mw’itangazo ryasohowe n’umuvugizi wiwe kur'uyu wa mbere i New York, rishirwa ahabona n’umurwi wa ONU muri Kongo, Monusco.

Guterres asaba abajejwe umutekano gukorana ubwitonzi kandi bubahirize ibibanza vyo gusengeramwo.

Abantu bashika batandatu nibo bishwe ku musi w’Imana i Kinshasa mugihe bariko bashwiragizwa n’abajejwe umutekano mu myigaragamvyo yatumweko n’urunani rw’abahurikiye muri Ekleziya katolika.

Abategetsi ba Kongo, bari babujije itunganwa ry’iyo myiyerekano, bavuga ko abantu babiri gusa aribo bishwe n’amasasu yigenza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG