Uko wahagera

Abashika kuri 5 Bapfiriye mu Myiyerekano muri RDC


Igipolisi gihagarika abiyerekana i Kinshasa, RDC, italiki 21 z'ukwezi kwa mbere, 2018.
Igipolisi gihagarika abiyerekana i Kinshasa, RDC, italiki 21 z'ukwezi kwa mbere, 2018.

Abantu bashika 5 barapfuye abandi barenga 33 barakomereka mu myiyerekano yatunganijwe n’abatavugarumwe na reta muri Republika iharanira demokarasi ya Congo kur’uyu w’Imana.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amosozi hamwe n’amasasu mu gushwiragiza abantu baharurwa mu bihumbi amajana bari mur’iyo myiyerekano yatunganijwe mu gihugu cose.

Ekleziya Katolika hamwe n’abaharanira agateka ka muntu bari bahamagaje imyiyerekano yo mu mahoro ku murwa mukuru Kinshasa, Goma, Lubumbashi no mu bindi bisagara. Iyo myiyerekano yahindutsemwo ubwicanyi mu gihe igipolisi caciye gikoresha inguvu mu gushwiragiza abantu.

Umuvugizi wa ONU, Florence Marchal avuga ko igipolisi cahagaritse abantu 69 mu gihugu cose. Abantu 5 bapfiriye i Kinshasa, ariko ntibiramenyekana ko mu bapfuye harimwo abapolisi.

Reta yarahagaritse ubutumwa bwo gutumatumakano kuri telefone na internet kur’uyu w’Imana mu gihugu cose kugira ibuze amakoraniro.

Ubwo bwicanyi bwatumye kur’uyu w’Imana Papa Francisiko asabira amahoro Congo aho ari ku murwa mukuru wa Peru, aho yari arongoye amasengesho n’urwaruka.

Papa yavuze ati: "Ndasavye abategetsi n’abo bose vyega hamwe n’abanyagihugu bose kwirinda ubwicanyi kandi baronderere hamwe inyishu ku nyungu za bose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG