Uko wahagera

RDC: Abatunganije Imyiyerekano Basabwe Kwitaba Sentare


Abanyagihugu bafise ivyapa, mu misa yo kwibuka abishwe mu myiyerekano i Kinshasa, italiki 12 ukwezi kwa mbere 2018.
Abanyagihugu bafise ivyapa, mu misa yo kwibuka abishwe mu myiyerekano i Kinshasa, italiki 12 ukwezi kwa mbere 2018.

Reta ya Republika iharanira demokarasi ya Congo yarasohoye imitahe isaba abahurikiye mw’ihuriro ry’amashirahamwe yegereye Ekleziya Katolika batunganije imyiyerekano yasaba perezida Kabila kuva ku butegetsi kwitaba ubutungane.

Imvo yatumye basabwa kwitaba ntiyatangajwe, babwiye ko bazobimenya bahashitse, nkuko amakuru ava muri sentare abivuga.

Amakuru atandukanye avuga ko abo batunganije iyo myiyerekano bihishije i Kinshasa, ku murwa mukuru kandi ko boba bacunzwe mw’ibanga n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Congo (Monusco).

Iryo huriro kandi ry’Abakatolika ryongeye guhamagarira abanyagihugu mu yindi myiyerekano kur’uyu w’Imana uza kugira basabe ishirwa mu ngiro ry’ingingo zumvikanyweko mu biganiro vyahujwe abanyepolitike kw’italiki ya 31 z’ukwezi kwa 12 umwaka wa 2016.

Abakuru b’iryo huriro (Abigisha mu za kaminuza, abaharanira agateka ka muntu, n'abandi) basaba perezida Joseph Kabila gutangaza ku mugaragaro ko atazoba umukandida mu matora yimirije kuko ibwirizwa singiro ritamwemerera kwitoreza ikiringo kigira gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG