Uko wahagera

Perezida Mugabe Yanse Gutanga Imihoho


Perezida Mugabe ariko ashikiriza Ijambo Abanyagihugu kuri Televiziyo y'igihugu
Perezida Mugabe ariko ashikiriza Ijambo Abanyagihugu kuri Televiziyo y'igihugu

Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe yanse gutanga imihoho kur’uyu w’Imana, n’ho abo mu mugambwe wiwe bari babimusavye.

Mw’ijambo yashikirije Abanyagihugu kur'uy w'Imana ryari ririndiranwe igishika, Mugabe yabwiye Abanyezimbabwe ko bakwiye kwiga guharirana no gutorera inyishu ibibatandukanya mu buvandimwe.

Mugabe yavuze ko yumvise amakenga yashikirijwe n’umugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi, wamuhaye gushika isaha zitandatu z’umuhingamo kur’uyu wa mbere azobe yatanze imihoho, atar’aho bazomwikurira.

Mugabe yavuze ko ivyabaye mu ndwi iheze ata ntambamyi bifise kw’ibwirizwa nshingiro canke ku butegetsi bwiwe nk’umukuru w’igihugu n’umugabisha w’ingabo.

Ariko amasaha make imbere y’aho, umugambwe, ZANU-PF wagenye uwahoze ar’icegera ciwe Emmerson Mnangagwa, yari yakuwe mu mabanga na Mugabe indwi zibiri imbere y’aho.

Indongozi z’umugambwe zarirukanye umugore wa Mugabe, Grace, yar’arongoye umuhari w’abakenyezi mu mugambwe ZANU-PF.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG