Uko wahagera

Zimbabwe: Televiziyo na Radiyo ya Reta Bigenzurwa n'Abasirikare


Ibisasu biturika bishika bitatu hamwe n’amasasu menshi vyumvikanye i Harare ku murwa mukuru wa Zimbambwe mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu, nkuko amakuru atangwa n’abavyiboneye avuga.

Abo babibonye bavuga ko ibiduga vya gisirikare hamwe n’abasirikare bazindukiye mu mabarabara kur’uyu wa gatatu, mu masaha yakurikiye baca bafata ahakorera ZBC, Radiyo na televiziyo vy’igihugu.

Abanyagihugu bo mur’iyo micungararo bavuze ko mu gishingo c’amakuru y’isaha zitanu z’ijoro, televiziyo yerekanye imiziki.

Abasirikare bavuze ko babikoze mu ntumbero yo gucungera umutekano kandi bamenyesha ko Perezida Robert Mugabe atekanye.

Umuvugizi wa Ambasade ya Reta zunze ubumwe z’Amerika i Harare yabwiye Ijwi ry’Amerika ko mu mabarabara hasa n’ahatekanye kandi ko ata biduga vya gisirikare biriyo. Yavuze kandi ko ata makuru y’ibisasu vyaturitse azi.

Ambasade yaburiye ariko Abanyamerika ibicishije ku rubuga rwayo rwa interinet ko kur’uyu wa gatatu boguma mu mihana yabo bagakorera mu mazu. Bavuze ko ibiro vya Ambasade vyugarwa ku banyagihugu.

Kur’uyu wa kabiri, umugambwe Zanu PF uri ku butegetsi wagirije umukuru w’ibiro bikuru vy’intwaramiheto ko atubaha ubutegetsi inyuma y’aho agabishirije ko igisirikare gishobora gufata mu minwe ivya politike.

Iryo tangazo ry’umugambwe ZANU PF ryasohowe mugihe har’ubwoba ko abasirikare bashobora gukura Perezida Robert Mugabe ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG