Uko wahagera

Perezida Mugabe Yabogojwe  mu Mabanga yo Kuyobora ZANU-PF


Perezida Robert Mugabe

Muri Zimbabwe, ingingo yo gukombora Perezida Robert Mugabe mu mabanga yo kuramutswa umugambwe ZANU-PF, yatangarijwe mu nama rukokoma y'abagize inzengo nyobozi zawo mu gatondo k’uno wa Mungu.

Abategetsi ba ZANU-PF bafashe kandi ingingo yo kwirukana burundu mu mugambwe Grace Mugabe, umupfasoni wa Perezida Robert Mugabe.

Izo ngingo zifashwe inyuma yaho abarongoye ZANU-PF mu ntara zitandukanye za Zimbabwe, basavye inama yihutirwa igamije kuraba nimba Perezida Mugabe yobandanya aramutswa uwo mu gambwe canke yosubirizwa.

Emmerson Mnangagwa yaramaze indwi zibiri yirukanywe muri ZANU-PF, agakurwa no mu mabanga y'icegera c'umukuru w'igihugu, bitegekanijwe ko ahunguka, bidatevye akaba ariwe asubirira Mugabe.

Gukurwa mu buyobozi bwa ZANU-PF, ntibituma Mugabe akomborwa nk'umukuru w'igihugu. Yamara, Innocent Gonese, ari mu bashingamateka batavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Zimbabwe, yatangaje ko mu gihe Mugabe atokwibwiriza gusubiza ubutegetsi, hatazorenga kuri uno wa kabiri inama nshingamateka itifatiye mu minwe ico kibazo.

Ku musi w’ejo wa gatandatu, abanyezimbabwe ibihumbi n’ibihumbi bihereje amabarabara basaba Mugabe gutanga imihoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG