Uko wahagera

Perezida Mugabe Yanse Gutanga Imihoho


Mugabe militarhy
Mugabe militarhy

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe ararahira akarengwa ko atawe agiye gusangira ubutegetsi amazemwo imyaka 37. Yabitangaje kur’uyu wa kane mu biganiro n’abasirikare basanzwe bariko bagenzura umurwa mukuru Harare.

Kugez’ubu aracafungishijwe ic’amaso mu rugo rwiwe, aho yabonaniye ku muhingamo wo kur’uyu wa kane na jenerali Constantino Chiwenga, arongoye ibiro bikuru vya gisirikare.

Amakuru yo kwizera atangwa n’abegereye igisirikare avuga ko Mugabe yanse kuva ku butegetsi.

Abashikiranganji babiri b’igihugu ca Afrika y’epfo barungitswe na perezida Jacob Zuma w’ico gihugu nabo nyene bari mur’uyo mubonano, nkuko umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Afrika y’epfo abivuga, ariko yirinze kuvuga ivyo bavuganye.

Iyo nama yarimwo kandi n’intumwa ya Ekleziya Katolika muri Zimbabwe nkuko vyashikirijwe n’ikinyamakuru ca reta "The Herald candikira" kuri internet.

Kur’uyu wa kane kandi, abatavugarumwe n’ubutegetsi batanguye kugira ico bashikirije. Morgan Tsvangirai arongoye umuhari MDC uharanira impinduka muri demokarasi, yagize ati: "Ku nyungu z’Abanyezimbabwe, Robert Mugabe ategerezwa gutanga imihoho".

Abakurikiranira hafi ibiriko biraba muri Zimbabwe bavuga ko abasirikare bipfuza ko ibintu binyaruka kuva mu nzira. Bipfuza ko Mugabe asinyira itangamihoho agaca asubirirwa n’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, ashobora kuba Mnangagwa.

ivyo vyashikirijwe na Knox Chitiyo, akorera ikigo Chatham House c’Abongereza gitanga ivyiyumviro ku biba biriko biraba mu makungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG