Uko wahagera

Abasenateri b'Amerika Barashima Ikurwa rya Mugabe


Senateri Bob Corker na senateri Ben Cardin, baha ikiganiro Abamenyeshamakuru i Washington.
Senateri Bob Corker na senateri Ben Cardin, baha ikiganiro Abamenyeshamakuru i Washington.

Abasenateri ba Reta zunze ubumwe z’Amerika batangaza ko bakiriye neza ivyabaye muri Zimbabwe bisa no gukura perezida Robert Mugabe ku butegetsi, bavuga kandi ko n’aho bitaremezwa neza bashimishwa nuko acungerewe ic'amaso mu rugo rwiwe.

Senateri Ben Cardin, umudemokrate aserukira reta ya Maryland, yagize ati: "Mubisanzwe ntitwemera intwaro ziciye muri Coup d’etat, ariko hari hageze ko Mugabe akinjura kugira Zimbabwe giter’imbere".

Senateri Jeff Flake, nawe umurepublikani aserukira reta ya Arizona avuga ati: "Nta n’umwe agiye kugandarira ikurwa rya Mugabe, at’ ariko ikigiye gukurikira nico gihambaye".

Abesenateri bane bari mu murwi wa sena y’Amerika ukurikirana imigenderanire na Afrika bavuze kur’uyu wa gatatu ko batewe impungenge n’ivyabaye, basaba abategetsi ba gisirikiare muri Zimbabwe gucungera umutekano w’abanyagihugu no kunyarutsa gusubiza ubutegetsi abasivile.

Mwomenya ko ivyo bibaye mugihe Zimbabwe gitegekanya amatora rusangi arimwo n'ay'umukuru w'igihugu mu mezi ya ndwi na munani umwaka uza w’2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG