Uko wahagera

Abanyezimbabwe bahamagariwe Kwiyamiriza Mugabe


Abanyezimbabwe bahamagariwe kuja mu mabarabara ku bwinshi mu myigaragamvyo yo gusaba Perezida Robert Mugabe kuva ku butegetsi.

Christopher Mutsvangwa, arongoye umuhari uhurikiyemwo abasirikare bakukurutse bahoze ku rugamba yabwiye abamenyeshamakuru ko ahamagariye abanyagihugu mu myiyerekano kur’uyu wa gatandatu igamije kwirukana perezida Robert Mugabe ku Butegetsi.

Mutsvangwa, avuga ko ar’iherezo rya Mugabo, yemeje ko igisirikare kizofasha abanyagihugu mur’iyo myigaragamvyo ishobora kwitabwa n’ibihumbi vy’Abanyezimbabwe basanzwe bugarijwe n’ibibazo vyo kubaho hamwe n’ivy’ubutunzi.

Hagat’aho, uwahoze arongoye ibiro vya gisirikare bishinzwe igendereza, Supremo Dumiso Dabengwa, nawe yavuze ko azokwitaba iyo mvyigaragamvyo kandi yongera ko Abanyezimbabwe barambiwe n’igitugu ca Mugabe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG