Uko wahagera

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yasavye inama nshingamateka ya Amerika guhagarika itegeko ritanga uburenganzira bwo kwinjira muri Amerika biciye muri porograme ya Diversity Visa. Iyo programe iha uburenganzira abanyamahanga kwimukira muri Amerika kubayo no gukorerayo.

Prezida Trump avuga ko ari mugihe abakekwa mu gitero c’iterabwoba cagizwe i New York mu ndwi iheze, binjiye igihugu biciye muri iyo programe isanzwe izwi nka Green Card Lottery.

Trump avuga ati “Uwo mugambi wa reta uha abanyamahanga viza atari ukwo babikwiye, ati ariko bahabwa izo viza kubera batowe mu buryo bwa tombola iba buri mwaka. Ati kandi abo bantu bakina iyo tombola ahanini s’ababa baragira ico bashitseko gihambaye mu bihugu vyabo.

Trump avuga kw’iyo programe ituma havuka ibibazo k’umutekano w’igihugu.

Ntibiramenyekana nimba inama nshingamateka igiye guca itangura kwiga ingingo y’ico kibazo mu bihe vya vuba. Ivyo navyo bikazova kumvo zitandukanye harimwo ubushake bwa politike n’ibindi bibazo bikomeye reta yashize imbere muri iki gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG