Uko wahagera

Tombola ya Green Card 2017 Yaratanguye muri Amerika


Amahiganwa yo kurondera amahirwe yo kuronka Green Card, itanga uburenganzira bwo kuba muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yaratanguye kuva mur’uku kwezi kwa cumi.

Ibibanza ibihumbi 50 nivyo bitegekanijwe kubazogira amahirwe mur’iyo mikino kugira babashe kwinjira muri Amerika mu mwaka w’2019.

Iki kiringo kizorangira kw’itariki ya 7 ukwezi kwa cumi na kumwe 2017. Abazotsinda bazomenyekana mu kwezi kwa gatanu 2018.

Abipfuza kuraba amahirwe muje ku rubuga rwa internet rw'ubushikiranganji bw'imibanire n'amahanga, www.dvlottery.state.gov, ni naho muzosanga ibisabwa.

Mu gihe reta ya Donald Trump ishigikiye ko iyi tombola yovanwaho, iyi nshuro ishobora kuba ari iya nyuma, mu gihe itegeko riyikura ryokwemezwa n’abashingamateka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG