Uko wahagera

Perezida Mugabe Ntiyubahirije Isaha yo Gutangirako Imihoho


Perezida Mugabe aho yariko ashikiriza ijambo abanyezimbabwe kuri uno wa Mungu
Perezida Mugabe aho yariko ashikiriza ijambo abanyezimbabwe kuri uno wa Mungu

Perezida w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe yihojeje ikiringo ntarengwako co gutangirako imihoho yari yahawe n'umugambwe wiwe ZANU-PF kuri uno wa Mungu.

Umugambwe ZANU-PF, wari wamusavye ko atorenza saa sita z'uno wa mbere atarasubiza ubutegetsi. Yamara, mw'ijambo yashikirije kuri televiziyo ku musi w’Imana, Mugabe yatangaje ku buryo butomoye ko ata migambi afise yo kwegura.

Abantu imiliyoni n’imiliyoni barumvirije ijambo ryiwe aho vyari vyitezwe ko bahimbaza irangira ry’imyaka mirongo itatu n’indwi y’intwaro y’igikenye ya Mugabe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG