Uko wahagera

Perezida Mugabe Ashobora Kwegekwako Ivyaha Bimukura ku Butegetsi


Perezida Robert Mugabe wa Zimbabwe ashobora gukurwa ku butegetsi yagetsweko ivyaha inyuma y’aho ashikirije kuri Televiziyo y'igihugu kur’uyu w’Imana ko atazotanga imihoho.

Imiliyoni z’Abanyezimbabwe bariko bakurikirana ijambo ryiwe bari biteze ko asezera ku butegetsi amazeko imyaka 37.

Barababaye, bamwe bakorora amosozi, inyuma y’aho bumviye Mugabe avuga ko azorongora ikoraniro kaminuza ry’umugambwe ZANU-PF mu kwezi kuza.

Mugabe yavuze ko ivyabaye mu ndwi iheze ata ntambamyi bifise kw’ibwirizwa nshingiro canke ubutegetsi bwiwe nk’umukuru w’igihugu n’umugabo z’ingabo.

Umugambwe ZANU-PF uri ku butegetsi, wamuhaye gushika isaha zitandatu z’umuhingamo kur’uyu wa mbere kugira azobe yatanze imihoho, atar’aho bazomwikurira.

Lovemore Matuke, avugira uwo mugambwe yabwiye itororokanirizo ry’Amakuru Associated Press ko kumukura ku butegetsi atar’ivyo gukekeranya yongera ko yatangajwe n’ijambo Mugabe yashikirije.

Matuke ati: Igisirikare kiriko gica mu nzira yaco, mu gihe abanyepolitike natwe turiko duca mu yacu, ati ariko intumbero n’imwe, kubona agiye, ivyo yari gukora igihe yashikiriza Ijambo ku banyagihugu," Mutake yabandanije avuga.

Mugabe acungishijwe ic'amaso mu rugo rwiwe kuva mu ndwi iheze mu gihe imibonano n’ibiganiro bigamije kumukura ku butegetsi bikibandanya mu mahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG