Uko wahagera

Tanzaniya iri mu Myiteguro yo Kwaka Ubuhungiro Impunzi z'Abarundi


Impunzi z'Abarundi zahungiye mu makambi ya Nduta na Nyarugusu ari mu karere ka Kigoma mu buraruko bushira uburengero bwa Tanzaniya zifise impungenge ko zishobora kwakwa uburenganzira bwo kwitwa impunzi ku butaka bw'ico gihugu.

Zibivuga zifatiye nama Sudi Mwakibasi, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati ari nabwo bujejwe ibibazo vy’impunzi amaze imisi akoresha abaserukira impunzi.

Ku ncuro ya mbere, muri iyo nama yavuze atarya umunwa ko impunzi z’Abarundi ziri muri Tanzniya zishobora gutakaza uburenganzira bwo kwitwa impunzi agira ati: “Iki kibazo kiriko kirigwa. Hari ingingo zizofatwa kubera igihe twatangura gutahukana impunzi twavuze ko Reta ifata impunzi yose nk’umuntu atazwi n’amategeko. Naho dukunda abantu, mu gihe wanse gutaha ntituzorera amaboko. Irinde ko mutakaza uburenganzira bwo kwitwa impuzi. Ibi nibaza ko vyumvikana”.

Atarya umunwa, Mwakibasi yemeza ko ibiganiro bigeze kure agahanura impunzi kwibarabara. Yagize ati: “Ncuti zanje, mpunzi z’Abarundi nsabe nshimitse indongozi muri mwebwe, muhimirizanye gutahuka i wanyu. Ubu buhungiro hazogera igihe bubaruhishe mubimenye. Hazogera igihe ubuhunzi buveho. Tumaze imisi mu nama twahuriye i Gitega, ejo bundi tuzoba turi I Dar-es-Salaam kandi n’inama z’abashikiranganji bafata ingingo. Hari abanyamahanga babaryosharyosha babaha ivyizigiro, abo nyene bungukira mu ndyane z’akarere kacu, ni bo bigira ko babababaye kandi bafise inyishu z’ibibazo vyanyu”.

Umwe mubaserukira impunzi yari muri iyo nama atashimye ko umwidondoro wiwe umenyekana yabwiye Ijwi ry'Amerika ati: " Ijambo ryiwe ryatuguye nabi"

Umukenyezi wundi w’abana 2 amaze imyaka irenga 8 mu buhingiro asanga ugutahuka mu Burundi bisa no kwishora kw’icumu. Fyonda munsi wumve uko yabisiguye mu nkuru y'Umumenyeshamakuru, Eloge Willy Kaneza.

Impungenge z'Impunzi Tanzaniye Yiteguriye Kwaka Ubuhungiro
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:17 0:00

Abarundi bahungiye muri Tanzaniya bibaza ko abategetsi b'ico gihugu boba bariko bakorana na Reta y'Uburundi kugira batere ubwoba impunzi kugira zitahe ku gahato.

Umuyobozi mukuru ajejwe ibibazo vy'impunzi n'abatahuka mu Burundi yabwiye yamara Ijwi ry'Amerika ko Reta y'Uburundi itarota itahukana ku nguvu abenegihugu bayo "naho amahoro n'umutekano vyagarutse". Nestor Bimenyimana, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko Reta isaba impunzi gutahuka zivyishakiye maze zigashikiriza akazibakiye ziri i wabo.

Tanzaniya icumbikiye impunzi z’Abarundi zirenga ibihumbi 118 nk’uko igisata ca ONU kijejwe impunzi, HCR, kibivuga.

Forum

XS
SM
MD
LG