Uko wahagera

Bamwe mu Barundi Bahungiye muri Tanzaniya Bagendeye Uburundi


Umugwi w’impunzi ziserukira abarundi bahungiye muri Tanzaniya warungitswe mu Burundi kwirabira ingene umutekano wifashe hanyuma bazosubire inyuma kubwira bagenzi babo bahunguke. Biteganijwe ko bazotembera igihugu cose.

Izo mpunzi ziserukira izindi ni Abarundi 15. Bahiswemwo n’umugwi nyabutatu ugizwe n’Uburundi, Tanzaniya n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ryitaho impunzi. Ni mu ntumbero y’ico ishirahamwe HCR ryita mu congereza “Go and See”, aho impunzi zija mu gihugu kuraba uko ibintu vyifashe, ko ico zahunze kikihari, gutyo bagasubira inyuma kubwira bagenzi babo ko botahuka, nk’uko bisigurwa n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR.

Igihe bashika nta na kimwe bari bemerewe kuvugira ku maradiyo n’ibinyamakuru.
Yamara, umuyobozi mukuru ajejwe gutahukana impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Nestor Bimenyimana, yabwiye Ijwi rya Amerika ko icatumye hiyumvirwa uwo mugambi ari uko igitigiri c’abahunguka bagabanutse cane.

Abagiye nka bose bahunze mu mwaka w’2015 bavuye mu ntara za Makamba, Rutana, Rumonge na Bururi. Bitegekanijwe ko bazotemberezwa mu gihugu cose kwirabira ingene umutekano wifashe, ivyerekeye agateka ka zina muntu, amatongo n’ayandi matungo yasizwe n’impunzi n’ibindi.

Abasigaye mu makambi bavuyemwo ntibashima ico gikorwa. Bamwe mu mpunzi i Nduta n’i Nyarugusu muri Tanzaniya bemeza ko batigeze bagishwa inama gutyo ko n’ibizova muri urwo rugendo batazovyemera. Bemeza ko ari igikorwa categuwe n'Uburundi bahunze.

Zimwe mu mpunzi zahungiye muri Tanzaniya, zemeza ko zifise amakenga ko inyuma y’urwo rugendo, ibikorwa bigamije kuzitahukana ku nguvu bishobora kwiyongera. Basaba ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribitaho n’igihugu ca Tanzaniya cabahaye indaro ko bobareka bakaba ari bo bifatira ingingo yo gutaha ata gahato.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali mu Rwanda.

Bamwe mu Bahunze Baranegura Igikorwa c'Impunzi Zagendeye Uburundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:50 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG