Uko wahagera

Leta ya Tanzaniya Ishobora Gucyura Impunzi z'Abarundi ku Gahato


Umukuru wa HCR aganira n'impunzi mu nkambi ya Nyarugusu muri Tanzaniya
Umukuru wa HCR aganira n'impunzi mu nkambi ya Nyarugusu muri Tanzaniya

Reta ya Tanzaniya ivuga ko igiye kuzohindura uburyo bwo gutahukana impunzi z’Abarundi zahungiye mu nkambi za Nduta na Nyarugusu. Ni mu gihe haciye imyaka hafi itandatu batahukana uwuvyishakiye.

Iyo ngingo yashikirijwe n’umuyobozi ajejwe ibibazo vy’impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu ca Tanzaniya mu ntara ya Kigoma nama yabereye mu nkambi ya Nyarugusu kuri uyu wa gatatu

Bwana Said Marijani yavuze ko uburyo bwo gutahukana impunzi buri mu buryo butatu. Ubwa mbere ni ugutaha ku bushake. Ubwa kabiri ni gutahukana impunzi ku yindi. Ubwa gatatu buzoba yo gutahukana impunzi zose ku nguvu nk’uko vyabaye mu nkambi ya kera Mutabila.

Uwo muyobozi yavuze ko reta ya Tanzaniya iriko irasozera ingingo yo gutahukana impunzi z’Abarundi ku bushake bwabo nyuma yaho mu kwezi kwa 10 uyu mwaka turimwo ingamba nshasha zo gutahukana izone ku yindi izoca itangura.

Mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka w’ 2023 reta ya Tanzaniya ifatanije na reta y’uburundi hamwe na HCR barakoze inama mu bijanye n’imigambi yo gutahukana impunzi z’Abarundi mu gihe izo reta zitwaza ko amahoro yagarutse mu Burundi. Iyo nama yabereye mu ntara ya Gitega.

Bwana James Janks waserukiye HCR muri iyo nama yasavye impunzi zahungiye mu nkambi ya Nduta na Nyarugusu kwiyumvira gutaha mu gihugu ca amavuko mu gihe reta ya Tanzaniya ivuga ko ata mpunzi izoronswa ubwenegihugu canke gutwara mu gihugu kigira gatatu.

Gusa minsi yose impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya zisaba reta ya Tanzaniya iy’Uburundi na HCR gukurikiza amategeko mpuzamakungu agenga impunzi mu gihe bamwe bamwe bafise ibibazo bikomeye bituma batiyumvira gutaha.

Umugambi wo gutahukana impunzi z’Abarundi zahungiye mu gihugu ca Tanzaniya watanguye kuva mu mwaka w’ 2017. Kuva ubwo gushika ubu haramaze gutaha abarenga gato 150,000 mu gihe abasigaye mu nkambi za Nduta na Nyarugusu barenga 145,000

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:04 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG